Aba diplomates mu Burundi basaba umutekano

Uwufise ububasha kw’isanamu none

Umushikiranganji Alain Nyamitwe, avuga ko muri abo baserukira ibihugu vyabo, hari abasavye kwizanira abajejwe gucungera umutekano bavanye mu bihugu vyabo.

Ku kibazo c'uko amategeko yoba abarekurira ivyo basaba, umushikiranganji Nyamitwe, avuga ivyo bikorwa hisunzwe amasezerano y'igihugu na mpuzamakungu.

Yavuze ko amasezerano y' i Vienne ivyo atabibuza, ariko rero ngo babanza kwihweza ko ari ngombwa.

Ku bwiwe, ngo ko boba bafise impungenge n'ibisanzwe, ariko kandi ngo gusaba kuzana inteko mu gihugu gifise inzego z'umutekano zikwiye, zinaterera hanze, si ingingo ipfa gufatwa.

Ico kibazo kugira gifatweko ingingo ngo n'ukubanza kugiranira amasezerano n'igihugu kimwe kimwe ukwaco.

Umushikiranganji Alain Nyamitwe yirinze gutangariza BBC ico bumvikanye n'abo baserukira ibihugu vyabo.

Ariko akavuga ko bashobora guhabwa abapolisi canke abasirikare bake bo kubafasha mu gihe bikenewe.