Ubugereki:Inyuma ya Tsipras ibintu bija he?

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inama nshingamateka y'Ubugereki

Vangelis Meimarakis, ayoboye umugambwe mushasha Democracy Party, afise iminsi itatu kugirango ashireho leta, inyuma y'itanga imihoho ry'umushikiranganji wa mbere Alexis Tsipras.

Ariko uwo bashobora gukorana wo ku ruhande rw'umugambwe wa Tsipras, asa n'uwushaka amatora, kuko ngo nta leta nyakuri yoshoboka ata Tsipras arimwo.

Ubudage bwifuza ko Ubugereki bubandanya umugambi wo gushira mu ngiro ingingo bwiyemeje zo gutubika umukanda, imbere yo kwemererwa iyindi ngurane igira gatatu.

Abashingamateka bagera ku 30 baherutse kwiyonnkorta kuri Syriza baja gushinga umugambwe mushasha.