Abimukira berekeje muri Masedoniya

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Leta ya Masedoniya imaze gutangaza ko izokwemera ko impunzi zishobora kuba zibangamiwe zinjira muri ico gihugu.

Leta yavuze ariko ko igitigiri bazokwakira atari kinini kugirango ishobore kubitaho neza.

Umunyamakuru wa BBC uri ku mpupaka, yavuze ko yabonye imiryango irimwo abana binjira mu gihugu mu gihe abandi bariko basubizwa inyuma.

Mbere yaho gato, abashinzwe umutekano barashe mu kirere imyuka ikoroza amarira bagerageza gusubiza inyuma abimukira.

Ivo Kotevski, icegera c'umushikiranganji w'intwaro yo hagati yabwiye BBC ko n'ubwo televiziyo yerekanye amashusho y'abantu bakomeretse, ngo ubushikiranganji ntaco bubiziko.