Ikibazo c'intererano z'imigambwe mu Rwanda

Image caption Umukuru wa Green Party, umugambwe uvuga ko uri mu yibangamiwe n' itegeko rigenga intererano.

Umugambwe uharanira demokarasi no kurengera ibidukikije Green Party rirasaba ko itegeko ribuza imigambwe kwakira imfashanyo zivuye hanze z'igihugu rivanweho.

Uyo mugambwe uvuga ko iri tegeko ribangamira cane ibikorwa vy'imigambwe itari muri leta ngo kandi imfashanyo itanzwe n'abanywanyi yonyine ntihagije.

Imigambwe iri muri leta n'ubwo iryo tegeko rihurirwako n'imigambwe yose, ngo kubera gufita abantu mu nzego, usanga n' ubushobozi bw'abanywanyi babo buri hejuru, bigatuma aronka infashanyo gusumba.

Ikindi kibangamira abanywanyi b'imigambwe itari muri leta nk' uko Jean Claude Ntezimana, umunyamabanga mukuru wa Green party abivuga, ngo n'uko hari urugero rw'intererano rurinda gutangazwa.

Umuntu ngo iyo ahaye umugambwe wiwe intererano igeze ku muriyoni w'amafranga y'Urwanda ngo arinda kuja kubivuga ku muvunyi.

Ivyo ngo bituma benshi bumva badafis euwbisanzure mu guterera.

Avuga ko icobabera ciza ari uko bosubira kw'itegeko rya kera.