Perezida Nkurunziza yashinze guverinoma

Image caption Abagize guverinoma nshya yashinzwe na perezida Pierre Nkurunziza.

Perezida w’u Burundi, Pierre Nkurunziza, yashinze Leta nshya nyuma y’iminsi itatu, kuva atangiye imirimo ya manda ya gatatu.

Abagize iyo guverinoma bamaze kurahira imbere y’umukuru w’igihugu n’Inteko Ishinga Amategeko na Sena.

Iyo guverinoma ye kandi igizwe n’abantu 20 barimwo 15 bo mu ishyaka riri ku butegetsi, CNDD FDD, na batanu b’Urunani rw’uwahoze atavuga rumwe na Leta, Agathon Rwasa.

Umuvugizi wa perezida Nkurunziza, Gervais Abayeho, yatangaje ko iyo guverinoma irimo Abahutu cumi na babiri n’Abatutsi umunani kandi ngo n’iy’ubumwe nk’uko byasabwe n’Umuryango w’Ibihugu bya Afurika y’Uburasirazuba (EAC).

Abaminisitiri batandatu bari basanzwe muri Leta, barimo n’ushinzwe Ububanyi n’Amahanga, Alain Aimé Nyamitwe, uw’Imari, Tabu Abdallah Manirakiza, n’uw’Ingabo, Emmanuel Ntahomvukiye. Ni guverinoma kandi irimo n’abagore batandatu.

Kwiyunga n'ubutegetsi buriho

Muri Guverinoma nshya, Bwana Rwasa afitemo minisiteri eshanu, zirimo n’izikomeye nk’iyo gutwara abantu n’ibintu, n'ibikorwa vya leta, abakozi ba leta n’akazi hamwe n’iterambere ry’amakomine. Bwana Agathon Rwasa yamenyekanye cyane nk'umunyapolitike utavuga rumwe na Leta ndetse n'ishyaka riri ku butegetsi. Anatangaza ko amatora y'umukuru w'igihugu atagenze neza.

Ariko ibisata nyamukuru nko kwivuna abansi, umutekano, intwaro yo hagati, ubutunzi n’imigenderanire vyagumye mu minwe ya CNDD FDD.

Iyo leta ishinzwe inyuma y’amatora yaranzwe n’impari nyinshi n’ubwicanyi cane cane ku murwa mukuru Bujumbura. Ahaharugwa abantu barenga ijana bishwe muri aya mezi atatu aheze, abandi amajana n’ubu bakaba bari mu busho.

‘Inshingano zikomeye kuri Leta nshya’

Kimwe mu bintu bikomereye Leta nshya ni uguhagarika ubwo bwicanyi mu maguru mashya, kimwe n’ukuvana mu banyagihugu ibigwanisho bikoreshwa muri ubwo bwicanyi.

Ariko na cane cane iyi leta izoba ifise igikorwa gikomeye co kugurarura icizere mu makungu na cane cane ku baterankunga basanzwe bayiha hafi ica kabiri c’amafaranga ikeneye kugira irangure imigambi y’igihugu.

Ibihugu bitari bike nk’ibigize umnuryango wa Bulaya, Leta Zunze Ubumnwe za Amerika mbere n’Ishirahamwe Mpuzamakungu, ONU ntivyahengeshanije kuvuga ko ibisabwa bitari bikwiye kugira habe amatora mu bwisanzure kandi yitabwe na bose.

Vyaramaze kumenyesha ko ivyo bizogira ingaruka ku migenderanire yavyo n’u Burundi ndetse hari n’ivyamaze guhagarika imigambi yo gutanga imfashanyo imwe imwe.

Umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, we avuga ko amatora yagenze neza cane, mbere ashobora kubera akarorero ibindi bihugu.

Ariko bizomusaba umwanya kugira avyumvishe ayo makungu. hagati aho, abatavuga rumwe na Leta baba hanze y'u Burundi nabo bibumbiye mu ishyirahamwe CNARED batangaje ko batemera Leta ya perezida Nkurunziza ndetse banavuga ko bazashyiraho Leta yabo.