Usain Bolt yatsinze metero 200

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Usain Bolt

Umujamaica Usain Bolt yabaye uwa mbere mu kwiruka metero 200 mu irushanwa ry'imikino ngororamubiri y'isi ibera i Beijing, mu Bushinwa.

Yatsinze mugenzi w'umujamaica, Justin Gatlin, amaze kwiruka izo metero 200 mu masegonda 19.56.

Yegukanye umudari wa 10 wa zahabu mu irushanwa ry'isi, n'ikamba rya metero 200 ku nshuro 4 zikurikiranye.