Burundi: Zimwe mu noti zahinduwe

Image caption Ibumamfu/ibumoso hari inoti nshya, iburyo hari iza cyera

Inoti za Banki Nkuru y'u Burundi, BRB, hafi ya zose kuva nyuma yo kuri uyu wa Gatandatu tariki ya 29 z’ukwezi kwa Munani ntizizoba zigikora ku masoko yose yo mu Burundi.

Ni ukuvuga inoti za 10,20, 50,500,200,5000 na 10.000.

Izi 100 na 1000 na zo nyene ngo zigiye gusubirizwa vuba, ku bwa Clément Butoke ashinzwe ivyerekeye inoti muri iyo banki.

Ariko Bwana Butoke asigura ko uwuzoba agisigaranye inoti za kera azoshobora kuzivunja nshasha yishikiye kuri Banki Nkuru.

Banki Nkuru ngo ishobora kumara imyaka itanu icemera kwakira izo noti.

‘Kuvunjisha ku kiguzi’

Yamara ntizobikora kuri gusa. Ku mafaranga ivunje, banki izogutwara atanu kw'ijana(5%).

Hari haheze hafi amezi ane banki ibwiye abanyagihugu ko inoti za kera bazijana mu ma banki canke mu bubiko kugira babahe nshasha.

Clément Butoki avuga ko gushika ubu muri izo noti za kera izimaze gushika muri Banki Nkuru zishika hafi ku 93 kw'ijana (93%) y'izahora zitemebera mu gihugu.

‘Kurwanya magendu’

Icatumye bahindura inoti nyinshi icarimwe gutyo ngo ni uko inoti ubundi zisanzwe zikora imyaka iri hagati ya 10 na 15 zigaca zisubirizwa izindi.

Ariko ngo hari n'igihe bazisubiriza iyo babonye ko zatanguye kwiganwa cane.

Gusa Clément Butoke avuga ko ico atarico catumye bazihindura.

Uwo mukozi wa Banki Nkuru ntahakana ko muri izo nshasha hari izija zimaze kwiganwa.

Ariko avuga ko basiguriye abanyagihugu kugira bamenye gutandukanya iz'ukuri n'iziganywe kuko ngo naho bigana hari ibimenyetso badashobora kwigana.