Ntaganda: "Ndi umusirikare sindi inkozi y'ikibi"

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ntaganda avuga ko atari inkozi y'ikibi ngo ahubwo ni umusirikare

Uwahoze ari umugaba mu gisirikare ca Kongo ariko aracibwa urubanza kuri sentare mpanavya mpuzamakungu, yabariye abacamanza ko ari umusoda ngo atari inkozi y'ikibi.

Bosco Ntaganda yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara hamwe n'ivyo guhohotera ikiremwa muntu ngo vyakorewe muri Republika Iharanira Democrasi ya Kongo, yavuze ko atigeze atera umunyagihugu ngo ahubwo yamye abakingira.

Ntaganda yahakanye ivyaha cumi n'umunani aregwa, birimwo kwica abantu ikivunga, gusambanya ku nguvu no kugira abantu abacakara bo gusambanya hamwe no kwinjiza abana mu gisirikare.

Ivyo vyaha bivugwa ko vyakorewe mu ntambara yo mu ntara ya Ituri hagati y'imyaka ya 2002 na 2003.