Papa yasavye abagatolika gufasha abimukira

Papa asaba abagatolika gufasha abimukira i Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa asaba abagatolika gufasha abimukira i Buraya

Umwungere wa eklezia gatolika, Papa Francis, yahamagariye abagatorika i Buraya hose gufasha mu gukemura ikibazo c'abimukira.

Yasavye ko amaparuwasi yose, ahabera amasengesho hose n'ahandi hose i Buraya hari abemera, kwakira umuryango w'abimukira.

Yavuze ko paruwasi zibiri za Vaticano zikwiye gutanga akarorero mu kwakira imiryango ibiri.

Muri Israel, umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yanse ivyasabwe n'abatavu rumwe na leta vyo guha ubuhungiro abanye Syria.

Yashimangiye ko Israel itirengagiza umubabaro w'abimukira, ngo ariko igihugu ni gito cane kugira kibakire.