50 Cent yerekanye inzu yaguze muri Afrika

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption 50 Cent

50 Cent yerekanye iyo nzu inyuma y'amezi abiri gusa asavye gufatwa nk'umuntu atakigira ububasha bwo kwishura imyenda muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Uyu munyamuziki, azwi cane mu muziki wo mu bwoko bwa rapp ntiyavuze aho iyo nzu yiwe nsha iherereye muri Afrika.

Yarungitse impapuro z'ubusabwe bwo gufatwa ko yasuruye, inyuma y'itegeko rya sentare ryamusaba kwishura miriyoni zitanu z'ama dollars, umugore yamurega gushira ahagaragara amabanga aberekeye.

Uyu mu rapper yigeze kuronka udushimwe twinshi mu muzika, turimwo agashimwe ka Grammy, abona amafaranga no mu bindi bikorwa vy'ubucuruzi nko kwamamaza urukino rwa Box, imyambaro, ibinyobwa no mu mabuye y'agaciro.