Ingagi zikomeza kwiyongera mu Rwanda

Image caption Urwanda rwavukishije ingagi 24 uyu mwaka

Uyu mwaka havutse ingagi 24, ziswe amazina mu mpera z'iyi ndwi yaraye irangiye.

Ibitigiri vy'ingagi zari ku mushiro mu gihe c'intambara muri ico gihugu n' inyuma y'aho, bimaze kwiyongera ibice 25% mu kiringo c'imyaka 10 iheze.

Ivyo Urwanda rwabishitseko mu gukangurira abanyagihugu baba hafi y'amashamba ku ruhara rwabo mu kubungabunga ibidukikije.

Mw'ijambo yashikirije ku munsi wa gatandatu, mu birori vyo kwita izina ingagi zivutse uyu mwaka, perezida Paul Kagame yongeye kwibutsa abanyagihugu ko ubutunzi kama bw'ico gihugu ari ubwabo, ko rero babwirizwa kububungabunga.

Yavuze ko ari zo mpamvu umusasuro uturutse mu bukerarugendo ushirwa mu gushigikira imibereho y'abakikuje iryo shamba.

Yabibukije ko abshizwe imbere, mu gusigarana ibice 5% vy'ikiguzi c'ama tickets aba yaguzwe na ba mukerarugendo baraba izo ngagi, n'ubwo nyene amafaranga ava mu gisata c'ubukerarugendo yobagarukako biciye mu yindi migambi.

Ikigo kijejwe gufasha abanyagihugu gukingira ibidukikije, bavuga ko hubatswe amashure amashure 50 mu karere ka Musanze, ibitaro ndetse n'inzu y'ububiko bw'itabo no gusomeramwo, bivuye mu mafaranga y'ubukerarugendo.

Abagendera izo ngagi muri ya Birunga nabo bakomeza kwiyongera, kuburyo Urwanda rwizeye ko umwimbu uva mu bukerarugendo ukomeza kwiyongera.