Ni bande barashe mu Rukoko n'ijoro ?

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Burundi

Umuvugizi w'igisirikare c' Uburundi, colonel Gaspard Baratuza avuga ko abo bantu bari bazanywe no kwiba mu banyagihugu.

Yemeza ko abanyagihugu baciye batabaza, abasirikare bari hafi ku kirindiro ca Buringa baca baja gutabara, barasana nabo.

Colonel Baratuza avuga ko hari umwe yapfuye abandi n'inkoho yiwe yo mu bwoko bwa kalashinikov irafatwa.

Colonel Gaspard Baratuza yemeza ashimitse ko abo bantu batari bazanywe no gutera igisirikare.

Ku kibazo co kumenya iyo bari baje bava, umuvugizi w'igipolisi avuga ko hakiri kare, amatohoza akibandanya, ariko agakeka ko boba baje bava mw'ishamba rya Rukoko.

Mu gihe vyigeze kuba ko aho mw'ishamba rya Rukoko abitwaje ibirwanisho barasa ku bajejwe umutekano, aho umuntu ashobora kwibaza ko n'abo arico bari bagamije, colonel Baratuza arahakana ko ivyo bidaherutse.

Avuga ko icari kimenyerewe ar'uko abo bantu bitwaje ibirwanisho banyuruza abantu bagasaba amafaranga, ariko navyo ngo haciye nk'amezi 4 canke 5 bidaherutse.