Ubudagi ngo bushobora kwakira izindi mpunzi

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ubudagi bushaka ko ibihugu vyose vya EU bisaranganya impunzi

Icegera c'umukuru wa leta y'Ubudagi Sigmar Gabriel, yavuze ko ata nkeka afise ko igihugu ciwe gishobora kwakira abagera ku gice ca miliyoni, mu gihe kiri imbere.

Umushikiranganji w'ikigega ca leta y'Ubudage, Wolfgang Schaubler, yabwiye inama nshingamateka ko ubutunzi bw'ico gihugu bwifashe neza ku buryo ico kibazo kitobananira.

Ubudagi n'Ubufaransa bishaka ko hashirwaho ibitigiri c'impunzi igihugu kimwe kimwe cose c'umuryango w'Ubumwe bwa Bulaya kibwirizwa kwakira.

Ariko benshi ivyo ntibabikozwa, umukuru wa leta y'Ubudagi Angela Merkel akaba yavuze ko inzira yo kuvyumvikanako ikiri ndende.

Hamwe ivyo Ubudagi n'Ubufaransa vyifuza vyoshirwa mu ngiro, ibihugu vy'Ubumwe bwa Afrika bishobora gutangishwa ihadabu biramutse vyanse kwakira abimukira baherutse gushika muri Italie, Ubugereki na Hongrie.