UK: Umwamikazi Elizabeth yaciye umuhigo

Elizabeth muri Scotland Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Elizabeth muri Scotland

Umwamikazi w'Ubwongereza, Elizabeth wa kabiri, yafunguye ku mugaragaro umurongo mushya wa gariyamoshi muri Scotland kuri uyu munsi yabereyeho umwamikazi wa mbere utinze k'ubutegetsi mu Bwongereza.

Elizabeth arushije nyirakuru wa nyina, umwamikazi Victoria, akaba amaze imyaka 63, amezi 7 n'iminsi 2 ku ngoma.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Elizabeth na Victoria

Mu ijambo rigufu yavuze afungura inzira nshya ya gari ya moshi muri Scotland, umwamikazi yavuze ko atigeze atekereza kuri iki gihe, ashimira buri wese wamwoherereje ubutumwa bwamukoze ku mutima.

Mu nteko ishinga amategeko, umushikiranganji wa mbere David Cameroon yavuze ko umwamikazi yayoboranye igihugu ubuntu buboneye, agaciro no kwiyubaha.

Uwari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, John Major, yavuze ko mu gihe we n'abandi bashikiranganji ba mbere 11 baje bakavaho, umwamikazi Elizabeth we yagumye mu buzima bw'abongereza.

Umwamikazi w'Ubwongereza kandi anayobora ibindi bihugu 15 biri mu muryango wa Commonwealth uhurikiyemo ibihugu byahoze bikoronizwa n'Ubwongereza hamwe n'ibindi byiyongereyemo kubera inyungu bishaka muri uwo muryango.