Ghana: abacamanza baburanya abababuranya

Uwufise ububasha kw’isanamu bb

Abagera kuri 14 muri abo bacamanza barerwa ruswa bajanye ikirego babaza impamvu bakuwe mu kazi.

Abacamanza barenga 30 baregwa ko bafumbatishijwe bakanambura abantu amafaranga.

Ivyo ngo vyagaragaye inyuma y'itohoza ryamaze imyaka ibiri ryakozwe n'umunyamakuru.

Batatu muri abo bacamanza bahanaguweko ivyaha kubera batagaragaye muri video y'amasaha hafi 500 yashikirijwe umukuru w'urwego rw'ubucamanza.

Abantu bakora mu gisata c'ubucamanza bagera ku 180 bivurwa ko bagirizwa uruhara muri ico caha ca ruswa.