Nigeria: Igitero kw'ikambi y'impunzi

Uwufise ububasha kw’isanamu BOKO HARAM
Image caption Ibitero vya Boko Haram vyatumye abaharurwa mu bihumbi bata izabo

Ico gisasu catewe ahari inzu y'ububiko bw'ibidandazwa mw'ikambi ya Malkohi yashizweho icumbikiye abantu bateshejwe izabo na Boko Haram mu gace ka Yola.

Iyo kambi icumbikiye abo muri leta ya Adamawa, ifise abantu barimwo abana barenga 1000.

Bubaye ubwa mbere hagabwa igitero kw'ikambi y'abateshejwe izabo mu buraruko bushira ubuseruko.

Igipolisi caciye gikikuza ico kibanza igihe hariko harakurwayo abantu.