Abana bo mw'ibarabara bifashe gute iBurundi?

Image caption Dieudonne Nahimana, umukuru wa New Generation

Umukuru w'iryo shirahamwe, Dieudonne Nahimana, avuga ko ibibazo abo bana bafise bitandukanye.

Aremeza kandi ko ibitigiri vy'abo bana vyiyongeye kubera ibihe igihugu kirimwo.

N'ubwo aboba barahitanywe n'ivyo bihe vy'intureka kitazwi, ngo hari abakomeretse ndetse n'abapfunzwe.

Image caption Abana bo mw'ibarabara mu Burundi ngo babagamiwe n' ibihe vya politike

Bamwe muri abo bana ubwabo biganiye BBC uko babayeho, aho mu bibazo bavuga ko bibazana mw' ibarabara hari ubukene, kutagira abavyeyi no gufatwa nabi mu ngo.

Umukuru wa New Generation yagendeye BBC yari asanzwe hano i Londres, aho uyu munsi harangiye inama mpuzamahanga y'ishirahamwe Street Child United.

Iryo shirahamwe risanzwe ritunganya imikino y'abana baba mu mw'ibarabara igihe habaye amarushanwa akomeye.

Iyo nama yiga ibijanye n'uburenganzira bw'abana cane cane abana bo mw'ibarabara bahuye n'ibibazo bitandukanye.

Dieudonne Nahimana ngo mu vyo yarahuye muri iyo nama harimwo gufasha abo bana bo mu Burundi kubona uburenganzira bwabo, nko kwandikwa no kuronka ubwenegihugu.