Icibutso ca Mau mau muri Kenya

Ico cibutso ni kimwe mu vyumvikanyweko bitarinze guca muri sentare, hagati y'abahoze muri uwo murwi Mau Mau na leta y'Ubwongereza.

Aba Mau Mau bari bareze leta y'Ubwongereza mu nyuma irasaba imbabazi.

Bagiriza leta y'ubwongereza ivyaha yakoze mu gihe c'intwaro y'ubukoroni, mu myaka ya 1950.

Ibihumbi vy'abahoze muri uwo murwi Mau Mau bari basidukanye n'iyonka kuri ico cibutso, bavyina batamba.

Abanya Kenya baharurwa mu bihumbi bari mu murwi Mau Mau barapfungiwe mu makambi mu myaka ya 1952-1960

Abenshi muri bo barakubiswe, abandi barafatwa ku nguvu abandi barashahurwa.

Ico cibutso cerekena umugore ariko ahereza ibifungurwa aba Mau Mau, baraba hirya kugira ntibamubone mumaso ngo bamumenye bahave bamuvuga hamwe bafashwe n'abategetsi b'Ubwongereza.