Abarenga 100 bafashwe mu ntara ya Gitega

Igipolisi nicyo cyafashe abo bantu mu ntara ya Gitega. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igipolisi nicyo cyafashe abo bantu mu ntara ya Gitega.

Abantu bakiri bato barenga 100 bafashwe n'inzego z'igipolisi mu ntara ya Gitega iri hagati na hagati mu Burundi.

Abajejwe intwaro n'umutekano bavuga ko benshi bafashwe bari mu mabisi bavuga ko bagiye muri SOSUMO (ihinguriro ry'isukari riri mu ntara ya Rutana) canke i Tanzania kurondera akazi.

Benshi bava mu ntara za Karuzi na Muyinga zose zihana imbibe na Gitega.

Umukuru w'intara ya Gitega Venant Manirambona avuga ko abo bantu ataco babagiriza.

Ariko ngo kubona ari benshi, bose bakiri bato kandi bagiye inzira imwe muri ibi bihe vy'ingorane z'umutekano vyatumye bagira amakenga baca barabahagarika kugira bamenya abaribo n'ikibagenza.