Burkina Faso yavanywe muri UA

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption MIchel Kafando, perezida w'infatakibanza yakombowe

Ubumwe bwa Afrika buvuga ko buzofatira ibihano abari mu rwego rucungera ubuzima bw'umukuru w'igihugu, bafashe ubutegetsi, bakanka kurekura abagize leta y'infatakibanza.

Abagize leta bafatiwe hamwe na perezida w'infatakibanza Michel Kafondo, abakoze iyo couyp d'etat bemeza ko yamaze kurekurwa.

Urwego rw'abasirikare bacungera umukuru w'igihugu rwatanye mu mitwe n'abari mu myiyerekano i Ouagadougou, aho humvikanye urwamo rw'inkoho hafi y' ikibuga c' indege.

Abakuru b'ibihugu vya Benin na Senegal bari i Ouagadougou mu biganiro n'abatembagaje ubutegetsi.