Ibisasu vya Boko Haram vyahitanye abantu 54

Ibisasu vya Boko Haram vyahitanye abarenga mirongo itanu ejo muri Nigeria
Image caption Ibisasu vya Boko Haram vyahitanye abarenga mirongo itanu ejo muri Nigeria

Igipolisi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria kivuga ko abantu bashika 54 bishwe abandi 90 barakomereka mu bisasu vya Boko Haram ejo.

Amakuru ya mbere yavuga ko abantu cumi gusa ari bo bahitanywe n'ibisasu bitatu vyaturikiye muri karitiye za Gomari na Ajilari.

Umuji wa Maiduguri mu ntara ya Borno, niwo wavukiyemwo umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram, ukaba kandi warabereyemwo ibitero vyinshi.