Muri Bukina Faso isaha yahawe Diendere yarenganye...

Imyiyerekano y'abiyamiriza abatembagaje ubutegetsi irabandanya i Ouagadougou Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imyiyerekano y'abiyamiriza abatembagaje ubutegetsi irabandanya i Ouagadougou

Isaha ntarengwa yahawe abasirikare bacunga umukuru w'igihugu muri Burkina Faso ngo babe bashize ibirwanisho hasi yarengaye ata kibaye.

Abo basirikare batembagaje ubutegetsi bwa gisivile kuwa kane.

Igisirikare ca leta, co cabahaye iyo saha ntarengwa, cahuriye ku murwa mukuru Ougadougou, abanyagihugu baho bakaba babwiwe kuguma mu mazu.

Ariko umukuru w'abatembagaje ubutegetsi, Gen Gilbert Diendere, yabariye abamenyeshamakuru ko atavyo kurekura birimwo.

Yavuze ko arindiriye ko inama y'akarere yemeza ivyo abatembagaje ubutegetsi basaba vy'uko bohabwa ikigongwe.

Iyo nama ubu iriko irabera ku murwa mukuru wa Nigeria, Abuja.