SADEC ntiyigeze yemera guhuza FLRD n'u Rwanda

Abarwanyi ba FDLR mu muduga wa ONU mu 2005, batahukanywe mu Rwanda ku gushaka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption SADEC ivuga ko itigeze yemerera FDLR kuyihuza n'u Rwanda

Umuyobozi nshingwabikorwa w'ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika, SADEC, yabariye BBC ko batigeze basezerana na FDLR kuyihuza n'u Rwanda.

Ariko Lawrence Tax Stergomena, yabariye BBC ko basanze hari ikibazo FDLR yoba ifise cumvikana bocihweza.

Umurwi w'abarwanyi b'Abanyarwanda bari muri Congo, FDLR, wandikiye ishirahamwe SADC urisaba kugira ico rikoze ku kibazo c'abarwanyi bawo bari mu makambi yo kwegeranirizwamwo.

SADC yemera ko yabonye urwo rwandiko kandi iriko irarwihweza.

Leta y'u Rwanda ivuga ko aba FDLR bashobora gutaha igihe cose bashakiye mu Rwanda, ariko bakagenda nk'abanyagihugu basanzwe, kandi abagirizwa ivyaha bagakurikiranwa n'ubutungane, ngo kandi si ubwa mbere aba FDRL bataha mu Rwanda bakakirwa.

FDLR yoyo ariko ivuga ko ibiganiro na leta y'u Rwanda bagataha nyuma y'umwumvikano, ariyo nzira yonyene babona ishoboka.