Dieogo Costa yahagaritswe imikino 3

Diego Costa, rutahizamu wa Chelsea FC Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Diego Costa yahanishijwe kudakina inkino zitatu

Rutahizamu Diego Costa ntazokina imikino 3 ya Chelsea, igihano c'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza kubera icaha co kurwana mu kibuga.

Costa yahakanye ivyo yagirizwa, bijanye n'ugukozanyako na Laurent Koscielny mu rukino Arsenal yatsinzwe 2-0.

Diego Costa w'imyaka 26, yakojeje ukuboko mu maso ya Koscielny imbere y'uko akozanyako na Gabriel, we aca ahabwa ikarata ituku, imbere y'uko guhagarikwa kwiwe imikino itatu guhanaguriwe ejo kuwa kabiri.

Mu rwandiko, Chelsea yavuze ko ibabajwe cane n'ico gihano.

Guhagarikwa kwa Costa biraba inkino z'igikombe ca League Cup i Walsall uno munsi kuwa gatatu hamwe n'inkino za Premier League zizobahuza na Newcastle hamwe na Southampton.