Abarorerezi ba West Brom ngo bababariye Berahino

Image caption Saido Berahino yari azi ko abarorerezi ba West Brom bamufitiye agashavu kubera gushaka kugenda

Umumenyereza wa West Brom, Tony Pulis, yakeje abarorerezi b'iyo kipe ku kuntu bababariye Saido Berahino mu gihe yashaka kuva muri iyo kipe.

Berahino yagabishije ko atazosubira gukinira iyo kipe, nyuma y'aho umukuru wayo Jeremy Peace yankiye amafaranga Tottenham yashaka kumugura ku munsi wanyuma w'isoko ry'abakinyi.

Uwo musore w'imyaka 22 yatsinze igitsindo kimwe ca West Brom mu ntsinzi yayo ya 1-0 kuri Aston Villa mu rukino rwo kuwa gatandatu, rukaba rwari urukino rwa kabiri akinye kuva asavye kuva muri iyo kipe.

Pulis yagize ati: "Bamwakiranye igishika bamugarukana mu ruhongore, yari yabaye umwana w'amanyama.

"Saido yari yahangayitse yibaza ko bishobora kumubana bibi, ariko abarorerezi bamwakiriye neza cane igihe yinjira mu kibuga ku rukino rwa Southampton hamwe n'urwa Aston Villa kuwa gatandatu."

Berahino yahawe akaruhuko kuwa gatatu mu rukino rwa League Cup West Brom yatsinzwe 3-0 na Norwich, ariko vyitezwe ko agaruka mu rukino rwo kuwa mbere muri Premier League ruzobahuza na Everton.