Ibiganiro bihuza Abarundi biri mu gutangura

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Imvururu mu Burundi zatanguye nyuma y'aho Prezida Nkurunziza agenewe n'umugambwe CNDD FDD Ngo azowuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu

Mu Burundi hagiye kuba ico leta yita ibiganiro bihuza Abarundi, itegeko rishinga umugwi wo kubitunganya rimaze iminsi ibiri risohowe n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.

Uzoba ari umugwi ugizwe n'abantu 15 bava mu madini, imigambwe n'amashirahamwe atandukanye.

Ivyo biganiro bije mu gihe u Burundi bumaze amezi atari make mu bibazo vya politike n'umutekano, vyavuye ku ngingo y'umukuru w'igihugu yo kwitoza ubugira gatatu, ariko leta yo ikavuga ko amatora yagenze neza cane.

Ariko uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Willy Nyamitwe, yabariye BBC ko ivyo biganiro bitugururiwe abo avuga ko ari inkozi z'ikibi.

CENARED ntirimwo

Aho akaba yashatse kuvuga umugwi uheruka kuvuka, CENARED, uvuga ko uzokoresha uburyo bwose kugira ubutegetsi bwa Prezida Nkurunziza buveko, ngo kuko buciye kubiri n'amategeko.

Abajijwe igituma uwo mugwi utoja mu biganiro mu gihe atari ubwa mbere ubutegetsi bw'u Burundi buganira n'ababurwanya, yagize ati: "Twasezeranye ko tutazosubira mu vy'amagaburanyama.

"Ubu uko imyaka itanu iheze, hazoja haba amatora inzego ziriho zibisikane n'izindi biciye ku banyagihugu".

Imvururu zatanguye mu Burundi kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane, aho umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yagenwa n'umugambwe CNDD FDD ngo awuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu.

Abatavuga rumwe nawe bamwagiriza gurenga kw'ibwirizwa shingiro mu gushaka kwitoza inshuro igira gatatu kandi yemerewe zibiri gusa, nawe akavuga ko inshuro ya mbere atatowe n'abanyagihugu, ngo amategeko akaba amwemerera gutorwa nabo inshuro zibiri.