I Ouagadougou hari ukurasana gukomeye

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'igisirikare yabwiye abanyagihugu kuguma mu mazu

Ukurasana gukomeye kuriko kurumvikana ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou, mu micungararo y'igiko c'abasirikare barinda umukuru w'igihugu, bafashe ubutegetsi mu ntango za kuno kwezi.

Kare igisirikare ca leta cari cakikuje ico kigo citeguriye kubaka ibirwanisho.

Hakurikijwe umwumvikano w'amahoro wo mu ndwi iheze, abo basirikare bategerezwa gushira ibirwanisho hasi ariko gushika ubu ntavyo barakora.

Umukuru w'igisirikare yahamagariye abanyagihugu kuguma muhira, ikibuga c'indege kikaba cugawe.