Ingabo za Afghanistan zasavye igitero ca Kunduz

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Izo ngabo za Afghanistan zasavye ivyo bitero, zimaze kumenyesha ko zagabweko ibitero biturutse ku birindiro vy'aba Taliban.

Ico gitero c'indege co kuwa gatandatu casambuye ibitaro, aho abantu 22 basize ubuzima.

General John Campbell, umugaba w'abasirikare ba Amerika muri Afghanistan, yahojeje aba sivire baguye mu mporero z'ivyo bitero.

Avuga ko abategetsi ba Leta zunze Ubumwe za Amerika na Afghanistan, bakiriko baratohoza ivyabaye, kandi ko basanze hariho amakosa yakozwe bazoyemanga.

Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe, Medecins sans Frontieres, ari naryo ryakorera kuri ivyo bitaro, rirahakana ko hari aba Taliban barimwo, rikavuga ko ico gitero ari icaha co mu ntambara.