Abakenye cane kw'isi bageze munsi ya 10%

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ababayeho mu bukene bukabije uyu mwaka uzohera bageze munsi ya 10%

Ibanki y'isi yose ivuga ko ivyo vyatumwe n'ubutunzi bukomeza kwiyongera ku masoko yo mu bihugu biriko birazamuka mu nzira y'amajambere.

Iyindi mpamvu ngo n'ugushira uburyo bukwiye mu bisata vy'indero n'amagara y'abantu.

Abantu baharurwa muri miriyoni amajana indwi, n'ukuvuga ibice 9.6% vy'abari kw'isi yose, nibo bazoba bakiri muri urwo rugero rw'abakiri mu bukene bukabije, imbere y'uko uyu mwaka urangira.

Igitiri c'abaharurwa muri urwo rugero rw'ubukene kikaba cari kuri 13% mu mwaka wa 2012.

Ibanki y'isi yose yasubiyemwo ico yita "ubukene bukanije", aho yashizemwo uwo wese abayeho ku buryo buri munsi ya $ 1.90 ku munsi.