Nyabwonko ngo itera ubunebwe ubwonko!

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Kuzer'inze kuri internet bitera bamwe ubunebwe mu bwenge

Icirwa cakwozwe kw'ikoreshwa rya nyabwonko cerekana ko abantu bakunda kwikora kuri zo aho gufata ibintu mu mutwe.

Abantu bakuze, bashobora kwibuka nomero za terefone za kera bakiri abana, usanga badashobora kwibuka nomero zabo zo ku biro canke izo abo mu miryango yabo.

Maria Wimber wo muri kaminuza ya Barmingham yavuze ko akamenyero k'abantu ko kuja kuraba ivyo bakeneye kwibuka muri nyabwonko, gatuma ubushobozi bwo kwibuka budakura mu bwonko bwabo.

Icirwa cakozwe mu kwitegereza akamenyero k'abantu bakuze bagera ku 6000 bo mu Bwongereza, Ubufaransa, mu Budagi, Ubutaliyano, Hollande na Luxemburg, casanze abarenga ica gatatu cabo bikora ku nyabwonko kugira biyibutse.

Uwufise ububasha kw’isanamu Thinkstock

Mu Bwongereza niho hari benshi, aho usanga abarenga ica kabiri barondera kwiyibutsa bakoresheje internet.

Ariko ico cirwa kimenyesha ko kwikora kuri nyabwonko kenshi bifise ingaruka ku bwenge bw'umuntu mu gihe kirekire, kuko bitera kwibagira ningoga.

Kubwa Dr Wimber, uburyo butuma umuntu yibuka bufise uruhara rwiza cane mu gukuza ubwenge buhoraho.

Ariko ngo gusubiramwo kwiyibutsa ibintu udakoresheje ubwenge, biciye mu kubirondera kuri internet, bituma ubwo bwenge buhoraho budakura mu bwonko bw'umuntu.