MSF irasaba itohoza ku gitero ca Kunduz

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Umukuru w'iryo shirahamwe Dr Joanne Liu, yavuze ko gutera ibisasu vyahitanye abarwayi 10 n'abakozi ba MSF 12, ari nko guter'amasezerano ya Geneve, ajanye no kubahiriza amategeko yo mu ntambara.

Dr Liu yavuze ko kudahuza hagati y'ibihugu vya Afghanistan na Leta zunze Ubumwe za Amerika ku vyo bavuga kur'ico gitero, vyerekana ko itohozwa ryokorwa n'igisirikare ubwaco ritoshobora kwizerwa.

Ejo, umwe mu bagaba b'ingabo za Amerika muri Afghanistan yariyemereye ko ico gitero cabaye ikosa.