Ikibazo c'amafaranga muri leta ya Kenya

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Inama nshingamateka ya Kenya yababajwe no gufungirwa amazi n'umuyagankuba

Ama fagitire ya leta ya nkenerwa ntiyashoboye kwishurwa, bigira ingaruka ku bikorwa vya leta harimwo mbere n'inama nshingamateka ubwayo, aho imaze igihe ata muyagankuba uharangwa.

Kuber'izo mpamvu, amazi n'ivyumba vy'utuzu twa surwumwe ntibikora, abashingamateka bakavuga ko ivyo bidashobora kwihanganirwa.

Bamwe mu bashingamateka bagiriza abajejwe ikigega ca leta ko badashaka gutanga amafaranga, abandi bakavuga ko abajejwe inama nshingamteka ahubwo batavuze hakiri kare ko hari ama fagitire atararihwa.

Gutakaza agaciro kw'ishiringi rya Kenya kwatumye leta inanirwa gufata ideni ryari kuyisahiriza ku mafaranga yateganya gukoresha uyu mwaka.