Abantu 9 bishwe muri Bujumbura

Image caption Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Pierre Nkurikiye

Indwi muri abo baguye mu gitero co kuri uyu muhingamo coba kijanye n'ubusuma bw'amafaranga muri banki BCB.

Aho ni mu gihe mu gitondo hari uwundi muntu yari yagandaguriwe imbere y'urugo iwe uwundi nawe agatorwa ari ikiziga

Amasasu menshi cane yarashwe kw'ihwaniro ry'amabarabara benshi bita Rond Poing Pagdas hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Mu gipolisi bemeza ko abapolisi aribo barashe imodoka yarimwo abantu bakekwa ko bari bahejeje kwiba amafaranga kw'ishami ry'ibanki BCB riri mu Buyenzi.

Abo bakekwa ko ari abasuma bishe umwe mu bapolisi bahacungera.

Abapolisi baciye bategerera iyo modoka ya double-cabine kuri iryo hwaniro ry'amabarabara.

Mu kiringo c'amasaha atari make, ibiziga vy'abo bantu vyari bikigandagaje mw'ibarabara, bose bakaba bari abagabo bakiri bato.

Mu gitondo cuno munsi nyene, umuntu azwi kwizina rya Nshimirimana Pascal yishwe n'abantu bari kw'ipikiki.

Pierre Nkurikiye icegera c'umuvugizi w'igipolisi amenyesha ko uwo yishwe yari atashe iwe, muri karitiye y'icenda mu Ngagara, abantu babiri ngo bari kw'ipikiki bamutera grenades, bongera bamurasa amasasu 6 mu mutima.

Uwo muvugizi akamenyesha ko mu matohoza ya mbere basanze hari abari bamaze iminsi bamugirako iterabwoba.

Uwo yishwe n'umukwe wa Pierre Claver Mbonimpa, umukuru w'ishirahamwe riharamnira agateka ka zina muntu APRODH, yahatswe kugandagurwa mu kwezu kw'umunani guheze, ariko gushika ubu nta kirerekana ko yoba yahowe ubucuti bafitaniye.

Aho muri mucungararo nyene ya karitiye 9 hari ikiziga c'umuntu cari cahatowe mu gatando.

Ahandi haraye habereye ubukozi bw'ikibi ni mu kigo gikoreramwo ishirahamwe Volcano ryo kwunguruza abantu n'ama bisi ashika mbere no mu gihugu c'Urwanda.

Muri ico kigo kiri ahitwa Gare du Nord mu Kamenge, hatewe ama grenades, ivyari biro vy'iryo shirahamwe birasanzara.

Muri Volcano ntibemeza ko aribo baronderwa kuko ngo sibo bakorera muri ico kigo bonyene, n'ubunywero buhegereye ngo bwarashikiriwe.