Igitero c'abiyahuzi muri Cameroun

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igisirikare ca Cameroun gifashanya n'ica Nigeria kurwanya abarwanyi ba Boko Haram

Igisirikare muri Cameroun kivuga ko habaye ibitero bibiri vy'abiyahuzi mu buraruko bw'igihugu, ku rubibe na Nigeria.

Ivyo bitero mu kigwati kiri hafi y'umuji wa Mora, cahitanye abantu bashika icenda gikomeretsa abarenga cumi.

Hari amakuru avuga ko abo biyahuzi babiri baturikije ibisasu, bose bari abagore.

Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Boko Haram, uragaba ibitero kenshi muri ako karere.

Boko Haram kandi bivugwa ko ariyo yagavye igitero muri Chad kuwa gatandatu gihitana abantu mirongo itatu na batandatu.

Igisirikare ca Nigeria cafatanije n'abo muri Chad, Cameroun, Niger na Benin mu kurwanaya abarwanyi ba ki Islam.