Umuduga w'umukuru wa Islamic State warashwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Vyarigeze kuvugwa ko Abu Bakr al Baghdadi yishwe ariko bagasanga atari ukuri

Urwandiko rwasohowe n'igisirikare ca Irake ruvuga ko barashe urukurikirane rw'imiduga rwari ruherekeje umukuru w'umugwi Islamic State, Abu Bakr al-Baghdadi.

Urwo rwandiko rwasohowe n'urwego rujejwe iperereza mu biro vy'ubushikiranji bw'intwaro yo hagati bwa Irake, uruvuga ko umukuru wa IS yaciye atwarwa mu muduga ngo ariko uko amerewe ntibizwi.

Ruvuga kandi ko igitero c'indege kuri iyo miduga mu ntara ya Anbar, hari abayobozi ba IS cahitanye.

Harigeze kuvugwa amakuru y'iraswa canke urupfu rw'umukuru wa IS mu gihe caheze, ariko ntiyigeze yemezwa.

Gushika ubu IS ntaco iravuga kuri ico gitero ku mukuru wayo.