Afrika y'epfo ishaka kuva muri ICC?

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Sentare mpanavyaha y'i La Haye, imenyesha ko ikeneye gushigikirwa na Afrika kugirango ishobore kurangura imirimo yayo.

Iyo sentare ivuga ko ari uburenganzira bw'igihugu kuyikurako.

Ariko ICC iributsa ko bifata umwaka wose kugirango icifuzo c'igihugu kimenyesheje ko cavuye muri iyo sentare gishigwe mu ngiro.

Ejo kuw'Imana umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo ANC wahitishije itegeko risaba kuva muri ICC.

Afrika y'epfo yari yaneguwe ko yirengagije ingingo ya sentare yayisaba gufata perezida wa Sudani Omar al-Bashir, igihe yari Johannesburg mu kwezi kwa gatandatu.