IS itungwa agatoki mu bitero vya Ankara

Uwufise ububasha kw’isanamu epa

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya Ahmet Davutoglu, yavuze ko ivyo bisasu vyari ivyo kwononera amatora yo mu kwezi kuza.

Mw'ijambo yatanze kuri televiziyo y'igihugu, bwana Davutoglu yavuze ko amatohoza azokwibanda cane cane ku murwi Islamic State.

Leta ivuga ko abantu bagera hafi kw'ijana bapfuye igihe ibisasu bibiri vy'abiyahuzi vyaterwa mu bantu bari bakoranye mu mutekano.

Abatunganije iryo koraniro bo bavuga ko ibitigiri bishobora kuba birenga aho kure.

Abari guherekeza abahasize ubuzuma uno munsi bagenda batera amajambo yo gutyoza leta, bamwe bita perezida Erdogan umusuma n'umwicanyi.

Leta irahakana ibivurwa n'umugambwe wegamiye aba Kurds HDP, ko ubutegetsi bwoba buri inyuma y'ivyo bitero.