Ararondeza abanye Mali bazimiye muri Hajj

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty

Uwo mugore wo muri Mali asanzwe aba mu Bufaransa, yasavye imiryango y'abazimiye kurungika amafoto n'amazina y'abo batakaje, aca ayashira kuri Facebook.

Yavuze ko yashizeho urwo rubuga kuko hatakozwe ibikwiye mu ntumbero yo kurondera abanye Mali bazimiriye aho muri Arabia Saudite.

Abategetsi b'i Bamako bemeza ko abanyagihugu baho bagera ku 60 bapfiriye mw'isanganya ryabaye i Macca aho abantu benshi bahonyanganye.

Abanya Mali bagera ku 200 ntibaramenya irengero ryabo.