Iperereza ku gitero ca Kunduz

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abakomerekeye mu gitero ca Kunduz

Umuryango w'abaganga batagira imbibe, uvuga ko akanama mpuzamahanga gashinzwe gukora iperereza ku bibazo bijana n'uburenganzira bw'ikiremwamuntu, kemeye gukora iperereza ku gutero c'indege z'Amerika ku bitaro vya Kunduz.

Ibitaro vy'uwo muryango biri mu muji wa Kunduz, muri Afghanistani mu kwezi gushize, vyagabweko igitero mu kwezi gushize.

Iryo rizoba ari iperereza rya mbere uwo muryango ukoze kuva washingwa mu mwaka wa 1991.

Amerika, umuryango wo gutabara w'ibihugu vy'Uburayi na Afghanistani, vyatanguye gukora iperereza kuri ico gitero cahitanye abantu 22.

Ariko umuryango w'abanganga batagira imipaka uvaga ko ushaka iperereza ryigenga.

Mugabo ivyo biragoye kubera umwe mu bagize uruhare muri ico gitero agomba gutanga uruhusha.