Leta ya Benin igandariye Mathieu Kérékou

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Mathieu Kérékou

Mathieu Kérékou yashengeye afise imyaka 82, yatanguye kuyobora ico gihugu yisunga amatwara ya gisirikare no kugendera ku vyigumviro vya ki "Marxiste", imbere yo gutorwa hisunzwe demokarasi.

Uno munsi ibendera ry'igihugu ryadugijwe kugeza hagati, kugira batere iteka bwana Kérékou yaguye muhira iwe ejo mu murwa mukuru Cotonou.

Ariko ntibaramenyesha niba icamuhitanye camenyekanye, canke igihe azoshingurirwa.

Umukuru w'inama nshingamteka ya Benin Adrien Houngbedji, yavuze ko Mathieu Kérékou yari "umutegetsi akomeye w'igihugu kandi w'amahoro".

Ngo ni we mutegetsi abona wa mbere yabaye uwukomeye inyuma y'intwaro ya gikoloni.

Adrien Houngbedji yigeze guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu na perezida Thomas Boni Yayi, Mathieu Kérékou amaze gukuramwo akarenga kubera imyaka mu 2006, nk'uko ibwirizwa nshingiro ryo mu 2006 ryabimutegeka.

Bwana Houngbedji avuga ko Mathieu Kérékou akwiye gutangwako akarorero muri kino gihe, muri Benin no mu karere, ati " Benin ibuze umudemokarate akomeye".