Uganda: Kizza Besigye yongeye gufatwa

Image caption Kizza Besigye

Igipolisi cateye umukwabu mu rugo kwa Dr Besigye mu murwa mukuru Kampala, mu gaturuturu.

Ifatwa ry'abo banywanyi b'umugambwe Forum for Democratic Change -FDC, rije mu gihe uwo mugambwe wari mu bikorwa vyo gutegura amatora y'umwaka uza.

Kizza Besigye amaze gutsindwa na perezida Museveni mu matora atatu, akaba amaze gufatwa incuro nyinshi atabwa muri yompi.