Turkiya yamanuye indege hafi ya Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu DHA

Iyo ndege yakororewe hafi y'urubibe Turkiya ihana na Syria.

Igisirikare ca Turkiya kimenyesha ko iyo ndege yari yavogereye ikirere cayo kandi ngo ntiyigeze ihindura inzira n'ubwo yari yagabishijwe kenshi.

Ivyo bihuriranye n'urugendo rw'intumwa z'Uburusiya z'igisirikare kirwanira mu kirere, zijanywe Ankara no kuganira ku kibazo c'ivogera ry'ikerere ca Turkiya rikorwa n'indege z'Uburusiya.