Dalein Diallo yanse amatora yo muri Guinee

Kizigenza mu batavuga rumwe na leta yahamagariye abanywanyi mu myiyerekano.

Umukuru w'abatavuga rumwe na leta Cellou Dalein Diallo, yavuze ko abitabiriye amatora muri Guinee, bibwe.

Bwana Diallou yikuye muri ayo matora ku munsi wa gatatu, avuga ko ayo matora yibwe mu gihe bari baguharura amajwi.

Ibiharuro ntabanduka kugez'ubu ntibirashikirizwa, ariko perezida Alpha Conde yamaze kuronka amajwi amutuma yongera kuyobora, hatarinze kuba amatora agira kabiri.

Abarorerezi barungitswe n' ishirahamwe rya Bulaya bavuze ko ayo matora yagenze neza.