Hongria yugaye imbibe ku bimukira

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Aho ni inyuma y'aho Hongria yugaye ibibe zayo kuva uno munsi mu gicugu.

Leta ya Hongria imanyesha ko ata kundi yari kugira kubera Ubumwe bwa Bulaya ngo bwananiwe gukingira imbibe zihereza z'iryo shirahamwe, abo yise "abimukira badaciye mu mategeko".

Hongria yagumanye ivyambu bibiri vyuguruye kugirango yakire abasaba ubuhungiro.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Vesna Gjorkos Znidar, yavuze ko agiye kurungika abapolisi ku rubibe, mu ntumbero guteganya kwakira abimukira bashobora kuza ari benshi.