Ubwicanyi bwatwaye abanya Palestina 2

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Bavuga ko umunya Israel yarashe umusore w'umunya Palestina mu karere ka Cisjordanie mu gisagara ca Hebron, igihe uwo musore yashaka kumutera igisu.

Inyuma y'aho gato, mu buseruko bwa Yerusalemu, igipolisi carashe uwundi munya Palestina yariko agenza imbugita ku kirindiro.

Ibitero nka ben'ibi bimaze guhitana abagera ku 40 muri izi ndwi ziheze.

Ku munsi wa gatanu, umushikiranganji w'imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika John Kerry, yahamagaye abategetsi ba Israel na Palestina kuri telefone, abahamagarira gucuresha ubwo bwicanyi.

Umukuru wa gisirikare muri Amerika Joseph Dunford aritezwe muri Israel imbere y'uko iyi ndwi irangira.