UA yifuza irungikwa ry'ingabo mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu

Mw'itangazo ryasohowe kuri uyu wa gatandatu, Ubumwe bwa Afrika bumenyesha ko hategerezwa kurungikwa inteko muri ico gihugu c'Uburundi, "hamwe vyoba ngombwa".

Inama y'amahoro n'umutekano y'Ubumwe bwa Afrika yatangaje ko hagiye kuba itohoza ku bwicanyi buri mu Burundi.

Ibizova muri iryo tohoza bizotegerezwa gushirwa ahagaragara bitarenze iminsi 45, guhera ejo ku munsi wa gatandatu.

Ubumwe bwa Afrika bumenyesha kandi ko bugiye kwima uburenganzira bwo gufata ingendo "abo bose bagize uruhara, rwaba mu mvugo canke mu ngiro, mu bikorwa vy'ubwicanyi buba" mu Burundi.

Uburundi bwagiye mu bibazo vya politike vyaranzwe n'ubwicanyi kuva mu kwezi kwa kane, uyu mwaka, aho perezida w'ico gihugu amenyeshereje ko azosubira kwitoza.

Abategetsi b'Uburundi baburijemwo igikorwa co gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu, nyuma bahagarika imyiyerekano ya minsi yose yaba cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Kuva perezida Nkurunziza yongeye gutorwa kuwa 21 z'ukwezi kw'indwi, ubwicanyi bwakomeje kwiyongera.