Ubwongereza busabwa kwakira impunzi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP

Mu rwandiko rwo mw'ibanga rwashizwe ahagaragara uno munsi, abasenyeri barenga 80 basaba ko leta y'Ubwongereza yoha icumbi izindi mpunzi z'abanya Syria 30 000.

Abenshi muri abo basenyeri bagaragaje ko batanezerejwe no kubona leta yarananiwe kumva ivyo bayisaba.

Ariko umushikiranganji wo kwivun'abansi Michael Fallon, yavuze ko ata n'umwe ariko akora ibingana n'ivyo Ubwongereza bukora mugufasha abanya Syria basabagijwe n'intambara iri mu gihugu iwabo.