Umukuru w'abarwanyi i Aleppo muri Syria yishwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibitero vya leta ku barwanyi birakomeye mu ntara ya Aleppo

Umugaba wa gisirikare w'umugwi w'abarwanyi mu ntara ya Aleppo muri Syria yishwe mu gihe ibitero vya leta muri ako karere bibandanya.

Uwo mugwi, Nour al Din al Zinki, uvuga ko Nasif Ismail yiciwe mu mirwano ikomeye mu bumanuko bw'intara.

Umugwi wiwe wakoze igikorwa gikomeye mu barwanyi, mu kwigaruria igice c'uburengero bwa Aleppo.

Bivugwa ko uwo mugwi waronse imfashanyo za leta zunze ubumwe za Amerika.

Umwe mu bakomeye batunganya ibikorwa vyo kwiyamiriza leta ya Syria, yabariye BBC ko ibihumbi vy'abantu bariko barahunga imirwano berekeza mu bumanuko bwa Aleppo.