Abahinga mu magara basaba Abashinwa kugabanya itabi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption OMS isaba ko hashirwako itegeko ribuza kunywera itabi mu nzu mu Bushinwa, mu gihe abo rihitana babaye benshi

Abahinga mpuzamakungu mu vy'amagara basavye ko hashirwako mu Bushinwa amategeko yo kubuza kunywera itabi mu nzu kugira hagabanuke impfu zirivako.

Imiji imwe imwe ukwayo, harimwo n'umurwa mukuru Beijing, iramaze gushirako amategeko nk'ayo.

Ariko ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, hamwe n'ayandi mashirahamwe arwanya kunywa itabi, bavuga ko hakenewe itegeko rusangi ku gihugu cose.

Ubushinwa bufise abanywi b'itabi barenga imiriyoni amajana atatu na mirongo itanu, abantu umuriyoni ku mwaka muri ico gihugu bakaba bahitanwa n'indwara zifitanye isano no kunywa itabi.