Ndadaye, imyaka 22 agandaguwe...

Image caption Gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa ya Melchior Ndadaye n’abo bagandaguranywe kuri uwo munsi wa 21 ukwezi kw’icumi mu 1993

Mu Burundi uno munsi hibukwa imyaka 22 iheze umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, umuhango wo kwibuka uwo munsi wabereye ku murwa mukuru Bujumbura.

Kimwe mu vyagaragaye uno munsi n'uko Laurence, umugore wa Prezida Ndadaye, atari muri ivyo birori co kimwe n’abo bagendanye cane harimwo mbere n’umukuru w’umugambwe muri iki gihe, Leonce Ngendakumana.

Urukurikirane rw’ibirori vy’uno munsi rwari uko rusanzwe ruba no mu yindi myaka.

Imisa kuri Cathedrale regina mundi yitabwe n’abategetsi b’igihugu uhereye ku mukuru waco Pierre Nkurunziza.

Hakurikiye gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa ya Melchior Ndadaye n’abo bagandaguranywe kuri uwo munsi wa 21 ukwezi kw’icumi mu 1993.

Ariko uwo munsi ntiwasa n’iyindi nk’iyo mu bitari bike

Umutekano wari ucungerewe bidasanzwe ku buryo akarere kose ko mu gisagara hagati ata ruja n’uruza rwari rurekuwe uretse urw’abategetsi bari bitavye ivyo birori.

No ku ntatemwa nta banyagihugu basanzwe bemerewe kuhashika.

Image caption Kimwe mu vyagaragaye uno munsi n'uko Laurence, umugore wa Prezida Ndadaye, atari muri ivyo birori co kimwe n’abo bagendanye cane harimwo mbere n’umukuru w’umugambwe muri iki gihe, Leonce Ngendakumana

Ariko na cane cane icagaragaye, Laurence umupfakazi wa Melchior Ndadaye siho yari ari, co kimwe n’abagendanye hafi cane na Melchior Ndadaye nka Sylvestre Ntibantunganya, Domitien Ndayizeye, Jean Minani hamwe n’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu muri iki gihe, Leonce Ngendakumana.

Umuvugizi w’uwo mugambwe, Fenias Niyigarura, yasiguye ko ari kubera ibihe bigoye igihugu kirimwo muri iki gihe.

Ku munsi wo kwibuka incungu ya democrasi, umugambwe wa Melchior Ndadaye ubona ko iyo democrasi muri ino minsi yasubiye inyuma.

Imyaka 22 iraheze ikibazo cama ari ca kindi c’uko urubanza rw’abishe umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye rutaracibwa, n'ico bahumuhoye kitaramenyekana.